#Burundi,bashimira Imana kuvyo yabakoreye mu kwezi kwa munyonyo,batanga ishikanwa ridasanzwe ryo gufasha abafise amikoro make,aho hari mu masengesho y'Abagumyabanga bo muri komine Musongati ku'uyu wa 26/11/2026 yabereye muri zone Gakungu nkuko vyama buri wa 4 usozera ukwezi
#Burundi,nkuko vyama buri wa 4 usozera ukwezi,Abagumyabanga baritabira amasengesho asozera ukwezi,bashimira Imana kuvyarangutse muri uko kwezi. Kur'uyu wa 4 igenekerezo rya 26/11/2026 Abagumyabanga ba komine Makamba baramutse bashimira Imana kuvyarangutse mu kwezi kwa Munyonyo
#Burundi,kuyu wa 15/11/2026 arikumwe na Buramatari, umunyamabanga @CnddFdd @burungaProvince Sylvain NZIKORURIHO yagirishije inama imvukira z'intara zirangurira imirimo mu gisagara ca Bujumbura no hirya no hino,yabasavye kugendera akarangamutima no kuduga guteza imbere iyo bavuka
#Burundi,kur'uyu wa 24/10/2026, imbonerakure zo muma zone yose agize intara ya Burunga bazindukiye mw'ikarashishi berekeza mu bikorwa rusangi.Gaston NIMENYA aramutswa uwo muhari mwiyo ntara yakoreye ivyo bikorwa muma zone ya Matana na Gisarenda, icegera ciwe muri zone Makamba
#Burundi,kur'uyu wa 10/10/2026, Abagumyabanga bo Ku mutumba Gatonga zone Muzye komine Musongati baramutse bugurura icese ingoro y'umutumba, ivyibutso 2 n'amazu 4 bashikirije abamikoro make.Sylvain NZIKORURIHO umunyamabanga @burungaProvince asaba imitumba yose kuhafatira akaorero
#Burundi,kur'uyu wa 19/9/2026, uwutwara umuhari w'imbonerakure mu ntara Ya Burunga,yagirishije inama imbonerakure za zone Rumonge na Gatete muri komine Rumonge zisanzwe zihana urubibe na Congo Ku bijanye n'umutekano, bikaba vyatangujwe n'ikarashishi hamwe n'ibikorwa rusangi








































































